Amerika igiye gukomeza ibihano ku Burusiya

47C2D398-5633-4E09-97F5-421DFAA1F824_w640_h360_s

Donald Trump, Perezida wa Amerika

Umugwi w’abasenateri ba Leta zunze ubumwe z’Amerika bo mu migambwe yompi, aba-Repubulika n’aba-Demokarate, barangije integuro y’itegeko rishinga ibindi bihano bikaze ku Burusiya.

Ku makuru dukesha ijwi ry’Amerika (VOA), umwe mu bateguye iryo tegeko, Senateri Lindsey Graham w’umu-Repubulika, yavuze ko ataco ibihano bisanzweho vyashitseko kuko bitabujije Uburusiya kwivanga mu matora y’Amerika mu kwezi kwa 11.

Ati: “Ivyo dutegekanya vyo bizohungabanya Putin na leta kugera igihe bazohagarikira kwinjira mu matora yacu no gukora ibitero  vyo mw’ikoranabuhanga ku bikorwa remezo vyacu, kugera igihe bazovira mu ntara ya Crimee y’igihugu ca Ukraine no muri Syria.”

Mugenzi we w’umu-Demokarate bafatanije, Senateri Bob Mendendez, nawe yagize, ati: “Tugomba gukarira Putin kugera igihe azumvira ko tudashobora kwihanganira inyifato ziwe”

Ibihano bishasha bitegekanya guteza leta y’Uburusiya ingorane mu rwego rwo kuvunja amafaranga, mu rwego rw’inguvu, kugura ubutare bwa uranium mu mahanga. Bitegekanya kandi no gukora ku vyegera vya Perezida Putin mu nzego za politike n’ubutunzi.

Advertisements

Categories: International

Tagged as: , , ,

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.