Imyaka itatu iraheze Petero Karaveri Mbonimpa ahatswe kugandagurwa

 

Imyaka itatu irarangiye umwe mubaharanira agateka ka zina muntu n’ak-abapfunzwe, Petero Karaveri Mbonimpa ahatswe kugandagurwa n’abagizi ba nabi mu gisagara ca Bujumbura.

Nk’uko tubisoma ku rubuga ngurukanabumenyi rw’ikinyamakuru Iwacu, uwo asanzwe ari rurangiranwa mu kurwanira agateka ka zina muntu n’ak-abapfunzwe avuga ko “ukuvyibuka bidahuye na gato no kuvyura umutima w’urwanko, wo kwihora canke wo kurwana.

Kubwiwe, ni ahubwo akaryo yo kwibuka kahise kabi mu ntumbero yo gusubiza agaciro ubuzima bwa kiremwa muntu.

Petero Karaveri Mbonimpa akaba rero asaba abarundi iyo bava bakagera kwama bagendera umutima w’ubwitonzi mu gihe hari aho bishitse ntibahuze mu vyiyumviro.

Kubwiwe, ibiganiro bihurikiyemwo bose niwo muti wonyene wotuma igihugu c’uburundi kironka amahoro. Yibutsa kandi uburyo yahatswe kugandagurwa: “Hari mu gihe uguhohotera abagize imyiyerekano yo muri 2015 vyari vyeze.”

Abandanya avuga ko abarundi bose basinzikajwe n’urwimo rwabaye mu Burundi mu bihumbi bibiri na cumi na gatanu (2015). Bamwe baranyurujwe, abandi barahohokerwa, abandi nabo baricwa.

Petero Karaveri Mbonimpa aributsa kandi ko abarundi barenga ibihumbi amajana bari mu buhungiro aho babaye mu gahinda ntangere bifuza gusubira mu gihugu cabo bitari bukunde. Abasigaye mu gihugu nabo bakaba babayeho mu bukene ntangere.

Petero Karaveri Mbonimpa rero akaba yahatswe kugandagurwa ku mugoroba w’italike 03/8. Yahavuye ajanwa kuvurizwa mu bitaro “Polyclinique Centrale de Bujumbura” imbere yuko ajanwa kuvurizwa mu gihugu c’Ububirigi ari naho aba gushika ubu.

 

Advertisements

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.