Zimbabwe: Abatavuga rumwe na Leta bamirira kure intsinzi ya Emmerson Mnangagwa mu matora

Umukuru w’abatavuga rumwe na reta muri Zimbabwe Nelson Chamisa ariyamiriza intsinzi ya prezida Emmerson Mnangawa avuga ko ibiharuro vyashikirijwe atari vyo.

_102810862__102809937_048385698-1

Mnangagwa ni we yatangajwe ko yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu incuro ya mbere kuva prezida Robert Mugabe akuwe ku butegetsi.

Umugambwe wa Nelson Chamisa MDC Alliance wavuze ko uzitura ubutungane mu kwanka ivyavuye mu matora uvuga ko ayo matora yibwe.

Mnangagwa yashimiye Chamisa

Hagati aho ariko mu kanya gaheze, umukuru w’igihugu yatowe, Emmerson Mnangagwa yashikirije ijambo aho yashimiye abamutoye anemera kuzokorera bose n’abatamutoye barimwo.

Yashimiye uwo bahiganwa vya hafi, umukuru w’urunani rurongowe na MDC, Nelson Chamisa, ku kuntu bahiganywe neza avuga ko iyo batahaba ata guhiganwa kwari gushoboka.

Bwana Mnangagwa yavuze kandi ko Chamisa azogira uruhara rukomeye muri Zimbabwe, cane cane urwerekeye gutsimbataza amahoro.

Yashimiye kandi indorerezi zavuye hirya no hino ku kazi zakoze muri iri iki gihe c’amatora.

Umutekano

Igipolisi kirabandanya gukizura mu mabarabara yo mu gisagara ca Harare inyyma y’imyiyerekano yaguyemwo abantu batandatu.

Mu ntara cumi zose hamaze kumenyekana ivyavuye mu matora, Mnangagwa yatsinze ku bice 50.8 kw’ijana kuri 44.3 kw’ijana vy’uwaserukiye umugambwe utavuga rumwe na reta Nelson Chamisa.

Avec BBC

Advertisements

Categories: Africa

Tagged as: ,

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.