Bubanza : Abasirikare batatu baraye baguye mu mutego w’abitwaje ibirwanisho

Bubanza

 

Hari mw’ijoro ryakeye aho mu masaha ya sayine z’ijoro aho imodoka y’abasirikare yagwa mu mutego w’umugwi witwaje ibirwanisho. Abasirikare batatu bakaba baciye bitaba Imana, abagera kuri batanu nabo barakomereka bikomeye. Ivyo bikaba vyabereye mu ntara ya Bubanza, kw’ibarabara rya Bujumbura-Cibitoke bakunze kwita RN5.

Amakuru dukura mubajejwe umutekano atumenyesha ko iyo modoka yarimwo abo basirikare yariko iva mu ntara ya Cibitoke. Abanyagihugu baba i Gihanga hafi yaho habereye iryo bara bavuga ko batekewe n’ubwoba. Umwe mu banyagihugu twabajije atashimye kwivuga izina yatumenyesheje ko uwo mugwi w’abantu bitwaje ibirwanisho waciye ugenda werekeza ishamba cimeza rya Rukoko.

Abajejwe intwaro twashoboye kuvugana baremeza ico gitero ariko bakaba atavyinshi bashima kubivugako. Tukabamenyesha ko gushika ubu atawuramenya abo bakoze iryo bara abaribo.

Advertisements

Categories: Security

Tagged as: , , , ,

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.