Nestor Nibitanga yaciriwe umunyororo w’imyaka itanu

APRODH

Nestor Nibitanga, umwe mubaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi yaciriwe umunyororo w’imyaka itanu na sentare ya Mukaza mu gisagara ca Bujumbura. Ivyo bikaba vyamenyeshejwe n’umushingwamanza amuburanira, Fabien Segatwa.

Muri urwo rubanza, abacamanza basiguye ko Nestor Nibitanga yabandanije atanga ivyegeranyo kuvyerekeye agateka ka zina muntu mu gihugu hagati mu gihe ishirahamwe APRODH yakorera ryari ryaramaze gufutwa na Leta y’Uburundi.

Umushingwamanza Fabien Segatwa asanzwe aburanira Nibitanga avuga ko atashimye uko urwo rubanza rwaciwe. Akavuga ko agiye kunguruza.

Nestor Nibitanga akaba yahagaritswe igenekerezo rya 21 Munyonyo 2017 yagirizwa guhungabanya umutekano wo hagati mu gihugu. Umushikirizamanza wa Republika akaba yari yamusabiye igihano co gupfungwa umunyororo w’imyaka 20.

Tukabamenyesha ko Nestor Nibitanga yari asanzwe aserukira ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu n’ak-abapfunzwe, APRODH mu ntara ya Gitega. Kuva afatwa akaba apfungiwe mw’ibohero rya Rumonge.

Advertisements

Categories: Society

Tagged as: , ,

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.