Amanota yafatiweko mu kibazo ca leta co mu mwaka w’icenda yamenyekanye

FB_IMG_1535480696509

Kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 28 Myandagaro 2018, umushikiranganji w’indero, imyuga n’ubuhinga, Janvière Ndirahisha yamenyesheje amanota yafatiweko mu kibazo giherutse gukorwa gitanga uburenganzira bwo kwinjira mu gice ca kabiri c’ishure shingiro.

Amanota 70 ku majana abiri (70/200) akaba ariyo asabwa kugira umunyeshure ashobore kubandanya muriryo shure shingiro.

Ku mashure y’imyuga, y’inderabigisha canke ayafise uburaro, umunyeshure azoshobora kuyabandanirizamwo akaba ari uwuzoba yaronse amanota 110 ku majana abiri (110/200).

Naho amanota azofatirwako ku banyeshure bazoja mu mashure y’akarorero asanzwe ajamwo abarushije abandi ataramenyekana, umushikiranganji w’ indero n’amashure y’imyuga amenyesha yuko atazoba ari munsi y’ijana na cumi (110/200).

Tukabamenyesha ko abanyeshure badashoboye kuronka amanota aba yafatiweko muri ico kibazo ca leta baca bahagarikira mu mwaka w’icenda ari naho baba baronkeye urupapuro bita certificat mu rurimi rw’igifaransa, rwerekana ko barangije inyigisho zo muri iryo shure.

Advertisements

Categories: Education

Tagged as: , ,

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.