Air Tanzania igiye kugira ingendo mu Burundi

FB_IMG_1535654160667

Kuri uno wa kane igenekerezo rya 30 Myandagaro 2018, ishirahamwe ryo gutwara abantu n’ibintu rikoresheje indege ryo mu gihugu ca Tanzaniya ariryo Air Tanzania ryuguruye ibikorwa hano mu Burundi.

Mw’itangazo iryo shirahamwe ryasohoye kw’igenekerezo rya 21 Myandagaro 2018, rimenyesha ko rizogira ingendo zitatu ziva muri Tanzaniya gushika mu Burundi ku minsi ya kabiri, ya kane hamwe no kuw’Imana.

FB_IMG_1535654130752

Nk’uko ubuyobozi bw’iryo shirahamwe bubimenyesha, izo ngendo zizova Dar-es-salaam – Kigoma – Bujumbura zikaba zizotangurira i Dar-es-salaam igihe c’isaha zitatu n’igice zo mu gitondo, indege ice ishika igihe c’isaha zitanu n’igice zo mu gitondo i Bujumbura iciye i Kigoma. Kubazova mu Burundi, indege izofata urugendo igihe c’isaha zitandatu n’iminota cumi kugira ishike i Dar-es-salaam igihe c’isaha cumi n’iminota mirongo ibiri iciye i Kigoma.

Jean Bosco Ntunzwenimana, umushikiranganji wo gutwara abantu n’ibintu yamenyesheje ko izo ngendo nshasha zigiye gutangura za Air Tanzania mu Burundi zizofasha cane abagwizatunga b’abarundi bari basanzwe bacisha ibidandazwa vyabo i Dar-es-salaam. Kubw’iwe, ngo izo ngendo zizotuma imigenderanire mu bihugu bigize akarere ka Afrika y’ubuseruko ikomera gusumba.

Advertisements

Categories: Economy

Tagged as: ,

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.