Umuririmvyi rurangiranwa akaba n’umushingamateka wo mu gihugu ca Uganda, Bobi Wine yagirizwa ivyaha vyo guhemukira igihugu, mur’iki gihe arafise ingorane mu mafyigo.
Nk’uko tubisoma ku rubuga ngurukanabumenyi rw’ijwi ry’Amerika, amakuru ariko aratangazwa n’umushingwamaza wiwe, avuga ko akeneye kubonana n’umuganga mu buryo bwihutirwa.
Bobi Wine yarekuwe mu misi ibiri iheze kandi yagendera ku bibando igihe yava mw’ibohero. Akaba asanzwe ari mubatavuga rumwe na reta ya Uganda.
Icegeranyo co kwa muganga caremeje ayo makuru y’ingwara y’amafyigo ibangamiye uyo muririmvyi w’umushingamateka yitwa Kyagulanyi Ssentamu, nk’uko umushingwamanza wiwe Medar Sseggona yabibwiye ibiro bijejwe gutororokanya amakuru, Associated Press.
Ssentamu, ariko aravurirwa ku bitaro vyigenga vyo ku muwa mukuru Kampala, yavuze kw’igihe yar’akiri mw’ibohero, bamukanye amagara yiwe kandi ko gushika ubu, ababara mu kiyunguyungu.
Mur’iki gihe umushingwamanza wiwe avuga ko bariko barakora ibishobotse vyose kugira ngo Ssentamu anyarukanwe mu bihugu vyo mu mahanga kwivuza nk’uko bitangazwa n’umushingwamanza wiwe.
Ssentamu yarekuwe ku musi wa mbere abanje gutanga ingwati, inyuma y’aho we hamwe n’abandi bantu 32 bagirijwe ivyaha vyo guhemukira igihugu.
Umudereva wiwe yarishwe arashwe n’abajejwe umutekano, nk’uko bishikirizwa na bamwe bamwe, ariko reta ya Uganda yarahakanye ivyo birego.
Bitegekanijwe ko Ssentamu hamwe n’abandi bari kumwe bagirizwa ivyaha, barenguka imbere y’umucamanza ejo ku musi wa kane, mu rubanza rwo kwihweza ibirego yagirizwa.
Categories: Africa