Abagiye kurongora umugwi CENI bamenyekanye

arton14426

Abagiye kurongora CENI, umugwi ujejwe gutegura amatora yo mu bihumbi bibiri na mirongo ibiri bamenyekanye. Bakaba bagenywe n’itegeko ry’umukuru w’igihugu nomero 100/126 ryo kuwa 31 Myandagaro 2018.

Uwagenywe kurongora uwo mugwi ujejwe gutegura amatora CNI akaba ari Dr Pierre Claver Kazihise. Yari asanzwe arongoye ishirahamwe ACOPA akaba kandi yatwara ishure kaminuza ry’ubuvuzi INSP.

Uwujejwe kumenyesha amakuru akaba ari Philippe Nzobonariba, yari asanzwe ari umunyamabanga mukuru akaba n’umuvugizi wa Reta.

Annonciate Niyonkuru asanzwe ava mu mugambwe UPRONA yagumijwe mu kibanza yari asanzwe arimwo c’icegera c’umukuru wa CENI.

Uwundi wo muri uwo mugambwe yajejwe amabanga ni Hyacinthe Niyonzima, akaba azoba ajejwe amategeko muri uwo mugwi no gutatura amatati yokwaduka mu matora.

Serges Ndayiragije asanzwe akomoka mu runani Amizero y’Abarundi akaba yajejwe ibijanye n’ubutunzi muri uwo mugwi.

Jean Anastase Hicuburundi muri CENI nshasha ajejwe ivy’ubuhinga bwa none “Informatique” no kubungabunga ivyuma bikoreshwa mu matora.

Marguerite Kamana wo mu ntara ya Kayanza ajejwe kurondera ibikoresho n’ivyankenerwa vyose vyo mu matora.

Tukabamenyesha ko abo batowe bari ku rutonde rwaheruka kwemezwa n’inama nshingamateka na nkenguzamateka.

Advertisements

Categories: Politics

Tagged as: ,

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.