Abantu barenga amajana atandatu baramaze kwitura ikigo Seruka muri uno mwaka

Centre Seruka

Ikigo Seruka

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Goreth Mukiramana asanzwe aserukira ikigo seruka imbere y’amategeko yamenyesheje ko ico kigo kimaze kwakira abantu barenga amajana atandatu bahuye n’amabi afatiye ku gitsina muri uno mwaka w’2018.

Uwo arongoye ikigo seruka yemeza kandi ko mu bantu bamaze kwakirwa, ibice mirongo itandatu kw’ijana bigizwe n’abadashikana imyaka 18, ibice 37 kw’ijana bakaba ari abadashikana imyaka 12 mu gihe ibice 16 kw’ijana bigizwe n’abadashikana imyaka 5. Muri abo bakiriwe, Goreth Mukiramana amenyesha ko ibice 5 kw’ijana bigizwe n’abagabo mu gihe ibice 95 kw’ijana bigizwe n’abagore.

N’ubwo biruko, Mukiramana amenyesha ko ibitigiri vy’abakorewe amabi afatiye ku gitsina vyagabanutse, ivyo akabivuga afatiye ku bitigiri vyo mu mwaka uheze aho haharuwe abantu bagera ku gihumbi n’ijana na mirongo icenda n’icenda bituye ikigo seruka.

Umupfasoni Mukiramana aserukira ico kigo akaba adashimishwa n’uko abakorewe ayo mabi badaheza ngo bubahuke kuyashira ahabona. Kubwiwe, imico y’abarundi iri mu bituma ayo mabi aguma abandanya kuba mu gihugu.

Ivyo uwo arongoye ikigo seruka akaba yabishikirije mu gihe muri ico kigo citaho abakorewe amabi afatiye ku gitsina bari basanzwe bahimbaza imyaka cumi n’itanu iheze gishinzwe.

Advertisements

Categories: Society

Tagged as: , ,

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.