Ibiganiro vyimirije kubera i Arusha vyoba bigiye kurangirira ku mwumvikano?

Michel Kafando thebdi

Michel Kafando, intumwa y’umunyamabanga mukuru wa ONU mu Burundi

Intumwa y’umunyamabanga mukuru wa ONU, Michel Kafando yaraje mu gihugu c’Uburundi kuri uno wa mbere igenekerezo rya 2 Nyakanga. Ku makuru duhabwa n’umwe mubegereye iyo ntumwa, avuga ko icamushikanye i Bujumbura ahanini ari kugirana imibonano n’abarongoye igihugu c’Uburundi; abanyepolitike hamwe n’abari mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu bari hano mu gihugu. Ngo hakaba ari mu ntumbero yo gutegura ibiganiro vyimirije bizobera i Arusha muri Tanzaniya ku ncuro igira gatanu.

Ivyo bikaba bibaye mu gihe havugwa ko bamwe mu bari mu mugwi ujejwe guhuza abarundi biciye mu biganiro bazohura muri ino ndwi n’abanyepolike bahunze igihugu. Umwe muri abo banyepolitike twashoboye kuvugana akaba yatumenyesheje ko iyo mibonano izobera mu gihugu c’Ububirigi.

Iyo mibonano rero ikaba itegekanijwe kuzoba ku magenekerezo ya 6 na 7 za kuno kwezi. Nk’uko uwo munyepolitike yashoboye kubitumenyesha, iyo mibonano ngo ikazoba igamije gutegura ibiganiro vyimirije kubera i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya bihagarikiwe n’uwahoze arongoye igihugu ca Tanzaniya, William Benjamin Mkapa.

Mkapa

William Benjamin Mkapa

Bamwe mu banyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura twashoboye kuyaga bavuga ko ivyo biganiro babirindiranye igishika cinshi kugira barabe ko hoboneka umuti w’indyane za politike zihitiye hano mu gihugu. Tukabamenyesha ko ivyo biganiro vyari bimaze kuba incuro zine, hose akaba ata muti washoboye gutorwa.

Advertisements

Categories: Politics

Tagged as: ,

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.