Ikibazo gitanga uburenganzira bwo kwinjira mu mashure kaminuza mu gisata c’ubuvuzi cakozwe

thebdi_concours

Ubushikiranganji bujejwe amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi bwaratanguje icese kuri uno wa kane igenekerezo rya 6 Nyakanga 2018, ikibazo gitanga uburenganzira bwo kwinjira mu mashure ya Kaminuza ari mu Burundi mu gisata c’ubuvuzi. Aho hakaba hari muri Kaminuza y’Uburundi mu kigo co ku Mutanga.

Ico kibazo cakorewe mu bibanza bitanu biri hano mu gihugu. Ku banyeshure 800 bari biyandikishije ngo bakore ico kibazo, abagera kuri 40 ntibitavye. Hari abashika 161 nabo bashitse aho ico kibazo gikorerwa ariko batari biyandikishije. Bakaba bahavuye barekurigwa nabo nyene gukora ico kibazo.

Kubwa Gaspard Banyankimbona, umushikiranganji w’amashure ya Kaminuza n’ubushakashatsi, ico kibazo kikaba kizotuma abanyeshure bariko bitegurira kuzoba abaganga muri kazoza kuja ku rugero rumwe n’abandi, baba abo muri kano karere canke ahandi. Yarongeye aramenyesha ko ingingo zose zikenewe kugira ico kibazo kigende neza, ntihagire ubusuma bubamwo zafashwe.

Tukabamenyesha ko ico kibazo cakozwe ku ncuro igira kane mu vyigwa 6 arivyo Biologie, Physique, Chimie, Ibiharuro, Igifaransa n’Icongereza. Kikaba cabereye mu bibanza bitanu vya hano mu gihugu ni ukuvuga mu gisagara ca Bujumbura, Gitega, Ngozi, Makamba, na Ruyigi.

Advertisements

Categories: Education

Tagged as: , ,

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.