Koffi Annan yunamiwe ubwa nyuma mu gihugu ciwe ca Ghana

 

 

Homage Kofi

VOA – Koffi Annan yahoze ari umunyamabanga mukuru wa ONU, akaba yaranahawe agashimwe kitiriwe Nobel ejo kuwa gatatu yarabandanije gukorerwa umuhango wo kumwunamira no kumusezera ubwa nyuma hisunzwe imico y’ihihugu ca Ghana.

Abakuru b’amoko, abategetsi batandukanye hamwe n’abandi bakoraniye ku kigo c’amanama mpuzamakungu, ku murwa mukuru wa Ghana, Accra aho ikiziga ciwe kiri.

Yapfuye kw’itariki 18 z’ukwezi kw’umunani, inyuma y’indwara ngufi mu bitaro vyo mu Busuwisi afise imyaka 80. Inyuma yo gukorera ishirahamwe mpuzamakungu ONU nk’umunyamabanga mukuru i New York kuva mu myaka y’1997 gushika muri 2006. Yaciye aja gukukurukira mu Busuwisi mu micungararo y’umurwa mukuru Geneve.

Annan ashingurwa muri Ghana kuri uyu wa kane.

 

Advertisements

Categories: Africa

Tagged as: , ,

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.