Ibiganiro bihuza abarundi bigiye kwongera kubera i Arusha

Ntahiraja

Térence Ntahiraja

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, inyigisho zo gukunda igihugu n’iterambere, Térence Ntahiraja yamenyesheje kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya cumi n’umunani Nyakanga 2018, ko hategekanijwe ibiganiro ku ncuro ya gatanu i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya.

Terence Ntahiraja yavuze ko reta y’Uburundi yiteze ko ivyo biganiro bizoshimikira ahanini kw’itegurwa ry’amatora yo mu bihumbi bibiri na mirongo ibiri (2020). Kubwiwe, ibibazo abari mu batavuga rumwe na reta bari mu buhungiro bahurikiye muri CNARED  bashira imbere muvyoganirwa ntibishobora kwemerwa na reta y’Uburundi kuko vyamaze gutorerwa umuti n’ibwiririzwa shingiro riheruka gutorwa.

Ntahiraja avuga ko mu gihe umuhuza mu matati y’abarundi yokwemera ko ibibazo bisanzwe bifise inyishu mw’ibwirizwa nshingiro bigarukanwa mu biganirwako, reta y’Uburundi itazokwemera kubitako umwanya. Iyo ngingo reta y’Uburundi ngo ikaba yayifashe inyuma yaho ibonaniye n’intumwa y’umunyamabanga mukuru wa ONU, Michel Kafando n’intumwa z’umuhuza mu matati y’abarundi.

Amakuru dukura mubegereye umuhuza William Benjamin Mkapa, amenyesha yuko ivyo biganiro bishobora kuba mu ntango z’ukwezi kw’icumi. Haba ku ruhande rwa reta canke abo batavuga rumwe, hakaba haramaze kuba inama zitegura ivyo biganiro. Tukabibutsa ko ivyo biganiro bigamije gutorera umuti amatati yadutse mu 2015, inyuma yaho umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza afashe ingingo yo kwitoza ku ncuro ya gatatu.

Advertisements

Categories: Politics

Tagged as: , ,

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.