Igipolisi cahagaritse ikiganiro cariko kibera kuri Radiyo Isanganiro

Isanganiro

Igipolisi c’Uburundi cinjiye kuri uno wa kabiri mu nyubakwa za Radiyo Isanganiro gitegeka ko ikiganiro cariko kiraba congera cumvikana ikibiriraho gihagarikwa. Ico kiganiro kikaba cariko gishimikira ku biganiro bihuza abarundi vyimirije kubera i Arusha muri Tanzaniya ku ncuro igira gatanu.

Amakuru twashoboye kuronka amenyesha ko ico kiganiro cari categuwe gishigikiwe n’ishirahamwe « Labenevolencia », ku mugambi w’iradiyo zibiri arizo Isanganiro na Rema FM. Nk’uko abaduhaye ayo makuru bari begereye aho ivyo bintu vyabereye babitumenyesha, hatanguye kumvikana amahoni y’imodoka yo mu bwoko bwa pick-up harimwo abapolisi bagera kuri bane.

Mu nyuma, hari umuntu yavuye muri iyo modoka agenda muri studiyo ya Radio Isanganiro ategeka ko ico kiganiro gihagarara yongera abwira icariho c’umushikiranganji wo hagati mu gihugu Terence Ntahiraja yari ngaho mu kiganiro kuva muri ico kibanza adatevye. Tukabamenyesha ko iruhande yiwe hari kandi Léonce Ngendakumana, umwe mubatavuga rumwe na Reta asanzwe ari icegera c’uwurongoye umugambwe FRODEBU.

Advertisements

Categories: Society

Tagged as: ,

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.