Inama y’umutekano y’ubumwe bwa Afurika ihamagarira abarundi kwitaba ibiganiro

african-union-logo

Inama ijejwe umutekano y’ubumwe bwa Afurika imenyesha ko mu Burundi hariko haraboneka amahoro n’umutekano kandi irajwe ishinga n’iyubahirizwa ry’amasezerano yo gusubiza hamwe yateweko igikumu muri myandagaro 2000 i Arusha muri Tanzaniya.

Ishirahamwo ry’ubumwe bwa Afurika rikamenyesha ko ayo masezerano ariyo mushinge w’amahoro, umutekano mu Burundi bubifashijwemwo n’ibihugu vyo mu karere hamwe n’amakungu.

Iyo nama y’umutekano y’ubumwe bwa Afurika igasaba abatavuga rumwe mu Burundi kubungabunga ico ayo masezerano yabashikanyeko hamwe no kwitaba atawusigaye inyuma ibiganiro vyimirije bizobera i Arusha muri Tanzaniya ku ncuro igira gatanu.

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afurika rikamenyesha ko rishigikiye abahuza mu matati y’abarundi, basanzwe barizewe n’ishirahamwe rya Afurika y’ubuseruko. Iryo shirahamwe rigasaba impande zose ziri mu matati n’abandi bose ivyo biganiro vyega gushigikira vy’umwihariko ivyo biganiro kugira bishobore kuba bihurikiyemwo bose.

Tukabamenyesha ko ivyo biganiro vyimirije bizoba kuva igenekerezo rya 18 gushika 24 gitugutu 2018 i Arusha muri Tanzaniya. Yaba umugambwe uri ku butegetsi canke abatavuga rumwe na reta, bose bakaba bararonkejwe ubutumire. N’iyindi migwi yegwa n’ibiganiro ikaba yaratumiwe.

Advertisements

Categories: Politics

Tagged as: , ,

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.