Rwanda: Louise Mushikiwabo afise amahirwe menshi yo kurōngōra Francophonie

Inama y’abakuru b’ibihugu vy’Umuryango mpuzamakungu w’abakoresha ururimi rw’Igifaransa, OIF, yatanguye uyu munsi i Erevan, umurwa mukuru wa Armenia. Ejo niho bazotora umunyamabanga mukuru w’uwo muryango. Umushikiranganji w’ububanyi n’amahanga w’u Rwanda, Louise Mushikiwabo, ahiganirwa iki kibanza n’umunyamabanga mukuru ahejeje ikiringo, Umunyakanadakazi Michaelle Jean.

Amakuru dukesha ijwi ry’Amerika atumenyesha ko Louise Mushikiwabo ariwe ahabwa amahirwe menshi kubera ko Afurika yose, Ubufaransa na Canada, ibihugu vya mbere bikomeye muri OIF, bimushigikiye.

Mu Bufaransa, imigambwe itandukanye yiyamirije leta yabo, nk’uko ikigo gitororokanya amakuru AFP kibimenyesha. Marine Le Pen, umukuru w’umugambwe “Rassemblement National”, yavuze ati: “Birandenze kubona Ubufaransa bushigikira umushikiranganji wa Kagame yanka Ubufaransa urunuka, yahevye Igifaransa agisubiriza Icongereza mu mashuli no mu butegetsi.” Marine Le Pen yatsinzwe amatora y’umukuru w’igihugu aherutse na Perezida Emmanuel Macron, yongeye ati: “Umushikiranganji Mushikiwabo nawe ubwiwe yigeze kuvuga amajambo atuka Ubufaransa.” Ariko ntiyasobanuye ayo ariyo, igihe n’ahantu yoba yarayavugiye.

Umukuru w’umugambwe “La France Insoumise,” umushingamateka Jean-Luc Mélenchon, we yagize ati: “Umukuru w’igihugu Macron ni umwansi wa Francophonie, kubona ashigikira umwe mu bagize ingoma y’igitugu ya Paul Kagame.”

Mu kiganiro yahaye Ijwi ry’Amerika Ambasaderi Olivier Nduhungirehe, Umunyamabanga wa Leta mu bushikiranganji bw’ububanyi n’amahanga yavuze ko u Rwanda rwizeye ko ubuhinga n’uburambe vya Mushikiwabo, n’imigambi afitiye uwo muryango yo kongera kuwuteza imbere ari bimwe mu bizotuma abakuru b’ibihugu bamugirira icizere bakamutora nk’umunyamabanga mukuru.

Advertisements

Categories: Africa

Tagged as: , ,

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.