Ikinyamakuru “Ikiriho” cahagaritswe

Ikiriho

Mw’ikete umushikirizamanza mukuru wa Republika, Sylvestre Nyandwi yandikiye ubuyobozi bw’ikinyamakuru Ikiriho kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 12 gitugutu, amenyesha ko ico kinyamakuru gihagaritswe mu gutangaza amakuru ayariyo yose.

Nkuko tubandanya tubisoma muri iryo kete, imvo y’iryo hagarikwa ngo ni idosiye RMP 799/NS yuguruwe muri Parike nkuru y’a Republika y’Uburundi.

Umuvugizi wa Parake nkuru ya Republika amenyesha ko Ibanki KCB yitwariye ico kinyamakuru muri Parake kubera inkuru cashikirije ziyerekeye zitarizo.

Ubuyobozi bw’ikinyamakuru Ikiriho gisanzwe gikorera ku buhinga ngurukanabumenyi casohoye itangazo aho bumenyesha abagikurikirana ko buhagaritse gushikiriza amakuru gushika igihe kizoronka uruhusha rwo kubandanya gushikiriza amakuru.

Advertisements

Categories: Society

Tagged as: ,

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.