Louise Mushikiwabo niwe yatowe kurōngōra OIF

Louise

Umushikiranganji w’ububanyi n’amakungu w’u Rwanda Louise Mushikiwabo ni we yatowe kuba umunyamabanga mukuru mushasha w’umuryango uhuza ibihugu bivuga ururimi rw’igifaransa.

Gutorwa kwiwe vyari vyitezwe na benshi, kuko ibihugu vyose vy’Afurika, Ubufaransa, na Canada vyari bimushigikiye bikomeye.

Bisanzwe bimenyerewe ko ururimi rw’igifaransa rwonyene ari rwo rukoreshwa mu bihugu bigize uwo muryango. Umukuru w’igihugu c’u Rwanda, Paul Kagame amenyerewe akoresha ururimi rw’icongereza, ni we yashikirije inama y’abakuru b’ibihugu kandidatire ya Louise Mushikiwabo, ivyo abikora mu rurimi rw’igifaransa.

Madame Mushikiwabo atorewe ikiringo c’imyaka ine. Abaye umunyamabanga mukuru wa kane uyoboye uyu muryango inyuma y’umunyamisiri Boutros Boutros Ghali (1997-2002), umunyasenegali Abdou Diouf n’umunyakanada Michaëlle Jean (2014-2018).

Advertisements

Categories: Africa

Tagged as: , , ,

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.