Ikigo ARCT carahimbaje imyaka 20 kimaze gishinzwe

rtnb1

Ikigo kijejwe gutunganya imihora y’itumatumanako amakuru ARCT carahimbaje ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 12 gitugutu 2018, isabukuru y’imyaka 20 rimaze rishinzwe. Kakaba kabaye n’akaryo ko kwereka uwuvyifuza wese, imigambi rimaze kurangura.

Umuyobozi w’ikigo ARCT, Donatien Manirampa, yamenyesheje ko ico kigo gisanzwe gikorana n’ayandi mashirahamwe haba aya hano muri kano karere canke mpuzamakungu. Ico kigo kikaba kandi kija kirarungika abakozi baco mu nyigisho zo gukarisha ubwenge mu makungu.

Uwaserukiye ibiro ry’umukuru w’igihugu, Sabine Ntakarutimana yamenyesheje ko igikorwa c’ikigo ARCT gishimwa canecane mu guteza imbere gutumatumanako amakuru mu gihugu.

Yamenyesheje kandi ko ikigo ARCT kimaze guteza imbere benshi mu bakora mu gisata co gutumatumako amakuru bigatuma amakori yiyongera hamwe n’umuhora wa “fibres optiques” umaze gushirwaho ukaba uhuza intara zose zigize igihugu n’ibihugu duhana urubibe. Ico kigo kandi kikaba kimaze gufasha cane mu gutanga akazi.

Advertisements

Categories: Society

Tagged as: , ,

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.