Umugwi w’abafasha Uburundi uhamagarira Reta kuganira n’amashirahamwe yahagaritswe

Mw’itangazo uwo mugwi w’amashirahamwe afasha Uburundi washize ahabona kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 17 gitugutu 2018, umenyesha ko wabonye ingingo y’ubutegetsi bw’Uburundi ihagarika ibikorwa vy’amashiramwe mpuzamakungu adaharanira inyungu za politike, yari asanzwe akorera hano mû gihugu. Iyo ngingo ikaba yasohotse igenekerezo rya 27 nyakanga 2018.

Ayo mashirahamwe asanzwe afasha Uburundi amenyesha kandi ko yamenye ko amashirahamwe amwe muyahagaritswe yashoboye gushikiriza ivyasabwe na reta kugira asubire gukora, yahavuye aronswa uburenganzira bwo kubandanya ibikorwa. Ariko rero, uyo mugwi w’abafasha Uburundi umenyesha ko menshi mu mashirahamwe yahagaritswe atarashobora kurekurigwa gukora gushika ubu.

Uwo mugwi w’abafasha Uburundi ukibutsa muri iryo tangazo ibikorwa bihambaye ayo mashirahamwe amaze kurangura mu Burundi afadikanije na reta haba mû kugwanya ikiza ca malaria, SIDA, gufungura nabi, haba no gufasha impunzi guhunguka. Baributsa kandi ko imfashanyo zihabwa abanyagihugu zicishwa kuri ayo mashirahamwe asanzwe akorera mu gihugu, kandi ko ihagarikwa ry’ibikorwa vy’ayo rifise ingaruka mbi ku buzima bw’abo banyagihugu.

Uyo mugwi w’amashirahamwe akorera mu Burundi urangiza usaba reta hamwe nayo mashirahamwe kugiriranira ibiganiro vyotuma ibibazo ayo mashirahamwe afise kubijanye no gushira mu ngiro ivyo asabwa bitorerwa umuti.

FB_IMG_1539897505871FB_IMG_1539897517489

Advertisements

Categories: Society

Tagged as: , ,

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.