Pierre Célestin Ndikumana yamirira kure ivyo yagirizwa n’igipolisi

images(2)

Umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi, Pierre Nkurikiye yerekanye kuri uyu wa kane igenekerezo rya 18 gitugutu, abagirizwa kuba bashatse kugandagura abashingamateka babiri bakomoka mu mugambwe CNDD-FDD. Abo bafashwe bakavuga ko babitumwe na Pierre Célestin Ndikumana, umushingamateka wo mu runani Amizero y’Abarundi. Wé arabihakana, akamenyesha ko ari irementanya.

Umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi, Pierre Nkurikiye, yarerekanye ku munsi w’ejo ku mboneshakure y’Igihugu, abantu bagirizwa kuba bashatse kugandagura abashingamateka babiri; Hilaire hamwe n’umupfasoni wiwe Justine, bompi bakomoka mu mugambwe CNDD-FDD.

Abo bahungu biboneka ko bakiri bato bavuze ko Pierre Célestin Ndikumana ariwe yabatumye kugandagura abo bashingamateka kuko badasangiye ivyiyumviro vya politike.

Abajijwe n’abamenyeshamakuru kuvyo yagirizwa, Pierre Célestin Ndikumana amenyesha ko iryo ari irementanya ryakorewe mw’iperereza n’igipolisi vy’Uburundi mu ntumbero yo kumucafuza nkuko bimaze kuba ku bandi batavuga rumwe na reta. Pierre Célestin Ndikumana akaba yavuze ati: “Uwo mushingamateka Justine bavuga je namumenye ndavye mu gitabu kirimwo amazina y’abashingamateka, ubundi bwo nta ntawe nari nzi. Uwo mugabo wiwe Hilaire nawe ndamuzi yaranyigishije, kandi abo bose ntaco dupfa.”

Tukabamenyesha ko uwo mushingamateka Pierre Célestin Ndikumana yagirizwa n’igipolisi kugomba kugandagura bagenzi we asanzwe arongoye umugwi w’abashingamateka bakomoka mw’ihuriro ‘Amizero y’Abarundi”‘, risanzwe rihurikiyemwo imigambwe FNL ya Agathon Rwasa na UPRONA itavuga rumwe na reta.

images(2)

 

Advertisements

Categories: Politics

Tagged as: ,

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.