Rwanda: Dr Richard Sezibera niwe yasubiriye Louise Mushikiwabo

 

Sezibera

Umukuru w’igihugu c’u Rwanda Paul Kagame yahinduye bamwe mubagize reta.

Ubushikiranganji bukomeye bwahinduye ababuyobora. Harimwo ubwa gisirikare, ububanyi n’amahanga n’ubutegetsi bw’igihugu.

Richard Sezibera yigeze kuyobora umuryango w’Afurika y’ubuseruko niwe yagizwe umushikiranganji w’ububanyi n’amahanga n’ubutwererane mpuzamahanga w’u Rwanda. Yasubiriye Louise Mushikiwabo aherutse kugirwa umunyamabanga mukuru w’umuryango w’ibihugu bikoresha ururimi rw’igifaransa.

Sezibera ari ku rutonde rw’abagize reta nshasha yagenywe n’umukuru w’igihugu Paul Kagame kuri uyu wa kane igenekerezo rya 18/10/2018. Iyo reta igizwe n’abashikiranganji 19 n’abanyamabanga ba reta indwi.

Abandi bantu bagenywe muri iyo reta nshasha harimwo Shyaka Anastase yagizwe umushikiranganji w’ubutegetsi bw’igihugu asubiriye Francis Kaboneka, Jenerali Majoro Albert Murasira agiye kuyobora Ubushikiranganji bwa gisirikare, asubiriye James Kabarebe.

Kabarebe yagizwe umuhanuzi mukuru w’umukuru w’igihugu ashinzwe igisirikare n’umutekano.

Muri polisi y’igihugu Dan Munyuza yagizwe umuyobozi mukuru. Uwo asubiriye Gasana Emmanuel yagizwe buramatari w’intara y’amajepfo.

Advertisements

Categories: Africa

Tagged as: ,

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.