Umugambwe FRODEBU woba ugiye gukorera hamwe na CNDD-FDD?

Nahimana

Mu gihe hari hasigaye iminsi mike ngo umugambwe FRODEBU wibuke imyaka mirongo ibiri n’itanu iheze uwawushinze Melchior Ndadaye agandaguwe, Petero Karaveri Nahimana awurongoye yasohoye itangazo aho yamenyesheje ko uwo mugambwe uvuye mu runani Cnared.

Iyo ngingo ikaba yaratangaje benshi aho babona ko uwo mugambwe uhevye urugamba rwo guharanira iyubahirizwa ry’ibwirizwa shingiro n’amasezerano ya Arusha.

Kubwa Petero Karaveri Nahimana, FRODEBU yafashe ingingo ibereye kuko bizotuma wé n’abo basangiye uwo mugambwe baronka ubwigenge mu gufata ingingo no mu kugendera iragi ry’incungu ya demokarasi, Melchior Ndadaye.

Onesime Nduwimana asanzwe ari umuvugizi w’urunani Cnared, amenyesha ko ata ngaruka mbi n’imwe ukwiyonjorora kwa FRODEBU kuzogira kuri urwo runani. Yongerako kandi ko abasanzwe mu nzego za Cnared bakomoka muri FRODEBU bazoca basubirizwa.

Abatari bake rero baribaza nimba FRODEBU yoba yikuye muri Cnared kugira icudike n’umugambwe CNDD-FDD usanzwe uri ku butegetsi.

Benshi mubakurikiranira hafi ivya politike y’Uburundi, bavuga ko FRODEBU ishobora kuba yikuye muri Cnared kugira ironke akaryo ko kuzoja mu matora yo muri 2020 hama ishobore kwinjira mu butegetsi.

Umwe mubarongoye amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike twavuganye, yatumenyesheje ko iyo nyifato y’abarongoye umugambwe FRODEBU itumvikana. Abona ko insiguro batanze ari ivyitwazo kugira baronke ingene baja gusangira ubutegetsi na CNDD-FDD. Abona kandi ko ari uguhemukira abo bari basangiye urugamba rwo guharanira demokarasi n’amasezerano ya Arusha.

Abanyagihugu twashoboye kuvugana aha mu gisagara ca Bujumbura, bamenyesha ko batatangajwe n’inyifato y’abarongoye FRODEBU kuko bimaze kuboneka ko abanyepolitike benshi bashira imbere inyungu zabo gusumba iz’igihugu.

Urwo runani Cnared umugambwe FRODEBU wiyonjoroyemwo rukaba rwari rwashizweho inyuma yaho Pierre Nkurunziza afashe ingingo yo gutwara ikiringo kigira gatatu. Urwo runani rukaba rugizwe ahanini n’abanyepolitike bahunze uruhagarara rwadutse inyuma yaho habereye imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza. Rukaba rwashizweho mu ntumbero yo guharanira iyubahirizwa ry’ibwirizwa shingiro n’amasezerano ya Arusha bo babonako biriko birahonyangwa n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.

Advertisements

Categories: Politics

Tagged as: , ,

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.