Umuhuza Mkapa yababajwe cane n’inyifato ya reta y’Uburundi

AD220065-CB1A-4D7F-9044-88C87F137D76_cx14_cy6_cw76_w408_r1_s

Umuhuza mu matati y’abarundi William Benjamin Mkapa yamenyesheje kuri uno wa kane igenekerezo rya 25 gitugutu 2018, i Arusha muri Tanzaniya, ko ababajwe cane n’inyifato ya reta y’Uburundi. Hari mu gihe yariko yugurura ibiganiro vyo guhuza impande ziri mu matati mu Burundi. Reta y’Uburundi ikaba ititavye ivyo biganiro.

William Benjamin Mkapa akaba yavuze ko yari amaze gusivya ivyo biganiro kabiri kose abisabwe na reta y’Uburundi. Mw’ijambo ryo kugurura ibiganiro, umuhuza Mkapa yavuze ati: “Reta yansavye kwigiza inyuma ibiganiro kabiri kose ndabikora. Mu nyuma yansavye ko ndayirungikira urutonde rw’abatumiwe mu biganiro bose kandi ko ivyoganirwako vyoba ivyo gutunganya amatora yo mu 2020. Ibi rero ntavyo nari kwemera, nico gituma nahisemwo kubandanya ibiganiro n’abitavye.”

Umuhuza Mkapa amenyesha kandi ko ivyo yatumwe n’ibihugu vyo muri kano karere yabirangije. Agira ati: “Narakoze ivyo nshobora vyose kugira reta y’Uburundi yitabe bino biganiro. Ariko gushika n’ubu murabona ko itaje. Nobamenyesha ko gushika ubu reta itaramenyesha ko itazitaba bino biganiro. Igikorwa rero natumwe n’abakuru b’ibihugu bo muri kano karere jewe ndakirangije.” Ivyo vyose Mkapa akaba yabivuga aboneka ko afise agashavu kenshi.

Ivyo biganiro bikaba vyari vyateguwe ku ncuro igira gatanu. Abashoboye kuvyitaba akaba ari abaserukira imigambwe itavuga rumwe na reta, haba abavuye mu gihugu canke abahunze, hamwe n’abaserukira amashirahamwe adaharanira inyungu za politike. Abaserukira reta y’Uburundi, umugambwe CNDD-FDD, imigambwe hamwe n’amashirahamwe yegereye ubutegetsi, akaba ata n’umwe yahonyojeyo ikirenge.

Advertisements

Categories: Politics

Tagged as: , , ,

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.