Burundi: Imirongo FM ya BBC na VOA ntirugururwa

VOA & BBC

Naho ku musi wa gatatu igenekerezo rya 7 munyonyo amezi atandatu y’ibihano vyafatiwe amaradiyo VOA na BBC yarangiye, imirongo ya FM mu Burundi y’ayo maradiyo n’ubu ntirugururwa.

Ivyo bihano bikaba vyari vyafashwe n’urwego CNC rujejwe gucungera ingene ibimenyeshamakuru bikorera mu Burundi, mu kwezi kwa gatanu uno mwaka. Bikaba vyavuga ko imirongo ya FM y’ayo maradiyo mu Burundi yugagwa mu kiringo c’amezi atandatu. Urwego CNC nta nsinguro rwatanze y’icatumye iyo mirongo itugururwa nkuko vyari vyatangajwe.

CNC yasiguye ko izi isango yari yaratanze ariko ko igikurikira kizotangarizwa mu misi ya vuba mu kiganiro kiriko kirategurwa.

Tubibutse ko igihe CNC yafata iyi ngingo, yasiguye ko BBC yahanywe kuko yagabishijwe ku makosa ajanye n’umwuga yoba yarakoze ariko ntiyihanure. Ijwi ry’Amerika naryo rihanwa ryagirizwa kuba ryoba ryacishije ibiganiro vyaryo ku rubuga rwa Radiyo Bonesha FM yugawe mu 2015, kuba ryarashatse gutosekaza imigenderanire y’Uburundi na ONU mu nkuru ryatangaje, no kuba yarahaye akazi umumenyeshamakuru yoba aronderwa n’ubutungane.

Bamwe mu banyagihugu twavuganye bamenyesha ko bitumvikana ingene imirongo FM y’ayo maradiyo VOA na BBC iguma yugaye mu gihe ibihano yashizwemwo na CNC vyamaze kurangira.

 

Advertisements

Categories: Society

Tagged as: , , ,

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.