Gaston Sindimwo : “Imigambwe ibiri irakwiye mu Burundi”

Gaston_Sindimwo

Mu gihe yariko agirisha inama abanywanyi b’umugambwe UPRONA muri komine Rugombo mu ntara ya Cibitoke, icegera c’umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo, yamenyesheje ko mu Burundi hakenewe imigambwe itarenga ibiri : UPRONA hamwe na CNDD-FDD.

Muri iyo nama, Gaston Sindimwo yavuze ko inyuma y’amatora y’2020, imigambwe izosigara ikorera mu Burundi ari ibiri gusa, CNDD-FDD na UPRONA.

Kubwa Sindimwo, biragaragara ko mu Burundi imigambwe iboneka ku rubuga ari ibiri gusa: CNDD-FDD na UPRONA. Yongeyeko kandi ko inyuma y’amatora y’2020, imigambwe iboneka ko ariyo izosigara ikorera mu Burundi ari iyo ibiri gusa kuko bimaze kuboneka imigambwe myinshi ihari kw’izina gusa kandi ata banywanyi ifise.

Mu gihe uwurongoye umugambwe UPRONA mu Cibitoke yamenyesheje ko urwarika rwo mu mugambwe CNDD-FDD bita Imbonerakure rwama ruburabuza ibikorwa vy’umugambwe UPRONA muri iyo ntara, Gaston Sindimwo wé si uko abibona. Kubwiwe, ababurabuza ibikorwa vy’umugambwe UPRONA atari imbonerakure, ahubwo ko ari imburakimazi ataho zegamiye vy’ukuri.

Gaston Sindimwo akaba yaciye ahamagarira abo bose bari mu migambwe yindi, ko bokwinjira mu mugambwe UPRONA canke CNDD-FDD kuko ariyo yonyene ikorera vy’ukuri mu gihugu c’Uburundi.

Advertisements

Categories: Politics

Tagged as: , ,

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.