Umugambwe FNL wa Agathon Rwasa ntiwaronkejwe uburenganzira bwo gukorera ku mugaragaro

 

Photo A.

Umugambwe FNL Amizero y’Abarundi uheruka gushingwa n’umushingamateka Agathon Rwasa ntiwaronkejwe uburenganzira bwo gukorera ku mugaragaro. Mw’ikete ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwandikiye Rwasa bumwishura k’uryo yari yarabwandikiye asaba uruhusha rwo kwemererwa gukora ku mugaragaro, ubwo bushikiranganji bwamubwiye ko budashobora kumuha urwo ruhusha kuko ata mugambwe ushobora gusangira izina, kugira icivugo kimwe canke ibimenyetso bisa n’ivy’uwundi.

Muri iryo kete, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bumenyesha Agathon Rwasa ko bumuteye intege mu mugambi wiwe wo guteza imbere demokarasi. Ariko rero bumumenyesha ko bwihweje dosiye yashikirije yo gutanguza umugambwe mushasha FNL Amizero y’Abarundi, bwasanze izina, icivugo n’ibimenyetso vyawo bisa n’ivy’uwundi mugambwe usanzwe ukorera hano mu Burundi.

Ubushikiranganji busaba uwo mushingamateka Agathon Rwasa ko yokubahiriza itegeko rigenga imigambwe ikorera hano mu Burundi nomero 1/16 ryo kuwa 10 nyakanga 2011 mu gace karyo ka 27 aho rivuga ko kizira gukoresha ibimenyetso vy’uwundi mugambwe wemewe n’amategeko ukorera hano mu gihugu.

Twobamenyesha ko Jacques Bigirimana aramutswa uwo mugambwe FNL yari yitwaye avuga ko Agathon Rwasa yatwaye amazina n’ibimenyetso vy’umugambwe wiwe. Ico gihe, Rwasa yasiguye ko umugambwe mushasha arongoye ataho uhuriye n’uwa Jacques Bigirimana kuko uwiwe usigura “Forces nationales de Libération”, mu gihe uwa Rwasa nawo usigura “Front National pour la Liberté”, Amizero y’Abarundi.

Advertisements

Categories: Politics

Tagged as: , ,

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.