Rwasa yongeye kwandikira umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu

FNL

Agathon Rwasa, umushingamateka akomoka mu runani Amizero y’Abarundi, yatangaje ku musi wa mbere ko atemera ingingo y’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu imubuza gushinga umugambwe FNL-Amizero y’Abarundi.

Rwasa yamenyesheje ko yajanye mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ikete ahanini ryo gutanga umuco ku makenga ubwo bushikiranganji bufise ku bijanye n’umugambwe mushasha yaheruka gusaba ko wokorera ku mugaragaro.

Mw’ikete yaheruka kwandikirwa n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu kw’igenekeerezo rya 8 munyonyo 2018, Agathon Rwasa yamenyeshejwe ko umugambwe wiwe utemerewe gukora kubera usangiye ibimenyetso n’uwundi usanzwe ukorera hano mu gihugu.

Mu gihe yari ahejeje gutanga iryo kete, Rwasa yavuze ko atemera ivyo ubushikiranganji bumwagiriza vy’uko yahonyanze amategeko haba mu gutora izina ry’uwo mugambwe canke ibimenyetso. Agathon Rwasa amenyeshesha ko ata mugambwe n’umwe witiranwa n’uwo agomba gushinga na canecane ko indome umuntu azipanga uko ashatse iyo ariko ashinga umugambwe.

Soma kandi: Umugambwe FNL wa Agathon Rwasa ntiwaronkejwe uburenganzira bwo gukorera ku mugaragaro

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwo bwagirije Rwasa ko mu mugambwe agomba gushinga harimwo izina, ibimenyetso, amabara n’icivugo bisa n’ivy’umugambwe FNL urongowe na Jacques Bigirimana.

Tubamenyeshe ko umugambwe FNL utwarwa na Jacques Bigirimana wari witwaye uvuga ko Agathon Rwasa yawutwaye amazina n’ibimenyetso. Aho naho Rwasa yasiguye ko umugambwe wiwe ataho uhuriye na FNL ya Bigirimana kuko yo isigura “Forces Nationales de Libération”, mu gihe FNL Amizero y’Abarundi arongoye nayo isigura “Front National Pour la Liberté”.

Advertisements

Categories: Uncategorized

Tagged as: , ,

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.