Umucamanza yahagaritswe yagirizwa kurya igiturire

Province Bururi (en rouge) 

Nicaise Niyungeko, ni umucamanza akorera mu ntara ya Bururi. Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 13 munyonyo, uwo mucamanza yafatanywe itonga ariko yakira igiturire aho akorera kuri parike nkuru ya Republika i Bururi. Akaba yafashwe n’igipolisi kijejwe kurwanya igiturire. Akaba yaciye amanukanwa kuri parike nkuru ijejwe kurwanya igiturire i Bujumbura. 

Amakuru dukura aho uwo mucamanza yafatiwe amenyesha ko uwo mucamanza Nicaise Niyungeko yafashwe ahejeje kwakira igiturire c’amafaranga ibihumbi ijana (100.000) yari ahawe n’umugore yaraje gupfunguza vy’agateganyo, umuntu wo mu muryango wiwe yari apfungiwe mw’ibohero ryaho nyene i Bururi. 

Abo bari basanzwe bakorana n’umucamanza Nicaise Niyungeko bamenyesha yuko batakiriye neza ingene uwo bakorana yafashwe, agatwagwa gihutihuti ata rupapuro rumuhagarika bamweretse canke ngo babimenyeshe abamutwara ku kazi. 

Abaraho igihe yafatwa, bamenyesha ko haje umugore mu biro uwo mucamanza asanzwe akoreramwo amuzaniye ayo mafaranga. Ata mwanya uheze, haciye haza umwe mu bajejwe umutekano avuga ko amufashe ariko yakira igiturire. Bivugwa ko uwo mugore yoba yamuteze umutego kugira amufatishe ku gipolisi kijejwe kurwanya igiturire.

Advertisements

Categories: Society

Tagged as: , ,

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.